Inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose, abategetsi b'ibihugu vy'uburengero bwa Bulaya bagiye hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada maze bashinga OTAN/NATO (Organisation du Traite de l'Atlantique Nord/North Atlantic Treaty Organization) mu ntumbero yo guhangana n'icari Ubumwe bw'Abasoviyeti ico gihe.
Ingingo ya 5 izwi cane y'uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe ivuga ko ibihugu bihurikiye muri OTAN bizotegerezwa gutabara umunywanyi uwo ari we wese azoba atewe.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni zo zari zamaze igihe ari kibirengeye muri uru runani, ariko ubu abatari bake bafise impungenge kuri kazoza ka Otan – harimwo n'uwuherutse gutorwa kugira ngo arongore reta y'Ubudagi. Friedrich Merz avuga ko intego yiwe izoba ari iyo kuvavanura na Amerika mu bijanye n'umutekano.
Armida van Rij, umukuru w'igisata kijejwe Ubulaya mu kigo c'abahinga Chatham House kiri mu Bwongereza, agira ati: "Ivyabaye mu ndwi iheze vyerekana ko Trump yasenyuye Otan, atesha agaciro umunyamabanga mukuru wayo, asenyura kandi ingingo ya 5 yo gutabarana".
"Iciyumviro cari ic'uko twese tuhari ku bwa buri muntu kandi buri muntu ahari ku bwa twese – rero iki ntikikiriho".
Ingingo ya 5 ya OTAN ivuga iki?
Mu gihe ubutegetsi bwa Trump buvuga ko butariko burava muri OTAN kandi ko buguma ku nshingano yabwo yo gukorana n'Ubulaya mu vyo kwivuna abansi, bugabisha ko budashobora "kwihanganira ubucuti buhengamye butuma haba abagendera ku bandi".
Trump abandanya abwira incuti za Bulaya ko zokwongereza biboneka amafaranga zishira mu vy'umutekano, mbere igihe kimwe mu mwaka uheze akaba yavuze ko azohimiriza Putin gutera ibihugu bizonanirwa no kuriha ivyo bitegerezwa kuriha.
Ariko igiteye ubwoba, nk'uko abahinga babivuga, ni ukungene ubu butumwa buriko buratangwa mu gihe intambara yo muri Ukraine – akaga ka mbere kageramiye uno mugabane inyuma y'imyaka mirongo – iriko yiha inkumbi.
Ku butegetsi bwa Trump, Amerika iza yanatanguye gushira imbere intego z'Uburusiya, nk'uko Minna Alander, umuhinga mu bijanye no kwivuna abansi muri Chatham House abivuga. "Bisa n'uko Trump yamaze guhindura uruhande yegamirako mu kwifatanya n'Uburusiya.
Bimwe mu vyerekana ingene Trump ariko arahindura harimwo:
Ugushimagiza Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya aherutse guhamagara kuri terefone mu ntango z'ukwezi guheze – ikiyago ca mbere co kuri terefone hagati ya Maison Blanche/White House na Kremlin kuva Uburusiya butanguje iyi ntambara, haraciye imyaka itatu
Ibiganiro hagati ya Amerika n'Uburusiya mu ndwi iheze – ibiganiro vyari bifise intumbero yo kurangiza intambara muri Ukraine, ariko bikaba vyashize ku ruhande abategetsi ba Ukraine n'incuti za Bulaya
Ibitero kuri Perezida Volodymr Zelensky wa Ukraine, aho Trump yamwise umutegetsi atatowe
Kubandanya asubiramwo ibinyoma vya Putin ko Ukraine ari yo yatanguje iyi ntambara – kandi bizwi neza ko ari Uburusiya
Trump ati: "Iyi ntambara iraba cane Ubulaya gusumba uko ituraba twebwe – dutandukanijwe n'ibahari nini nziza".
Ingingo ya 5 yamye ifatwa nk'itegeko ku bihugu bihurikiye mu runani OTAN – cane cane ku gisirikare ca Amerika – kuja gutabara ibindi bihugu vy'uru runani.
Ariko ibi ntivyama bisigura kurungika ingabo.
Nk'akarorero, mu gihe Uburusiya bwotera Estonia, Amerika ishobora kurungika indege maneko imwe rudende, kandi "ibi vyoba bihuye neza neza n'iyi ngingo ya 5", nk'uko bisigurwa na Edward Arnold, umuhinga ku kigo c'abahinga mu vyo ukwivuna abansi n'umutekano, Royal United Services Institute, c'i Londres.
Ati: "Nta kintu na kimwe cerekana ko Amerika itegerezwa kugomora ingabo zayo zose.
" Ariko rero, abakuru b'ibihugu ba Amerika b'imbere y'aha bamye babona ko ibi ari vyo vyari gushika, ubu rero abantu batanguye kugira ubwoba".
Amerika ni yo yiganje muri Otan mu bijanye n'igisirikare - aho iterera 70% mu buryo bwo kwivuna abansi nk'uko bivugwa na Arnold.
Hampande y'igitigiri kinini – Amerika ifise ingabo zirenga 100.000 ku mugabane wa Bulaya – Otan igendera kuri Amerika mu bintu nkenerwa nyamukuru nk'indege ziha igitoro izindi ziri mu kirere, inzunguruza ingabo n'ibikoresho.
Amerika ni yo kandi itanga igice kinini c'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara , hamwe kandi n'uburyo nyamukuru mu bijanye n'igendereza no kwiyunguruza.
Ni yo kandi yamye iboneka ko ari yo irongoye uru runani. Kizigenza mukuru w'ingabo i Bulaya – akaba ari na we mutegetsi mukuru wa gisirikare muri Otan – yamye ari Umunyamerika kandi Abanyamerika bari mu nzego nyamukuru hafi zose za Otan.
Umupfasoni Rij agira ati: "Kubera ko Amerika ari yo kibirengeye mu vya gisirikare, yamye ari yo irongora Otan". Avuga ko ata gihugu kindi ca Otan gishobora gufata iki kibanza, "kubera ko ata na kimwe gifise ubushobozi canke ingabo bingana n'ivya Amerika".
Ubulaya buriko bukora iki ubu?
Imyaka cumi imbere y'intwaro ya Trump, Amerika yari yagabishije ko Ubulaya bukeneye kwongereza uburyo bushira mu gisata co kwivuna abansi.
Kuri Joe Biden, yamenyesheje ko ikintu yashira imbere mu vy'umutekano cari akarere ka Indo-Pasifike, aho yari ihanganye n'Ubushinwa, ibi bigasigura ko yariko iha umugongo Ubulaya.
Igitero c'Uburusiya kuri Ukraine catumye Amerika isubira kwibanda ku Bulaya. Ariko inzira Trump ariko yerekana kuva muri izi ndwi zibiri ziheze yatumye biba ngombwa gusubira kwihweza neza ibintu.
Merz avuga ko inyuma y'aho atsindiye amatora yo mu Budagi ikintu nyamukuru azoshira imbere "kuzoba ugukomeza Ubulaya vuba bishoboka kugira ngo buke buke dushobore vy'ukuri guheba kugendera kuri Amerika".
Avuga mbere ko atazi neza nimba inama y'abategetsi b'ibihugu bigize uru runani muri Ruheshi (6) "izoba ikivuga ivya Otan uko umeze ubu canke nimba tuzobwirizwa gushinga uburyo bwa Bulaya ukwayo bwo kwivuna umwansi mu buryo bwihuta cane".
Mu gihe azoba amaze gushikira ubutegetsi, Merz azoba arongoye kimwe mu bihugu bitatu vya Bulaya bikomeye gusumba ibindi, Ubwongereza, Ubufaransa hampande y'Ubudagi.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yari mu rugendo i Washington ku wa kane, inyuma y'urwa Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa ku wa mbere.
Arnold ati: "Si nibaza ko hoba hari iyindi nzira nyayo Ubulaya bwofata muri iki gihe. Nta kindi atari ukuzibira akaga.
"Ni ukuzibira ingorane zishobora kuba. Si ivyo kwumira kuri OTAN uko imeze ubu".
Abanyabulaya bariko bakora bakwakwanya. Ubugiriki, Norvège n'ibindi bimaze gushira ahabona impungenge zavyo mu gihe Danemark mu ndwi iheze yatangaje ko izoduza cane amahera yo mu gisata co kwivuna abansi.
Ku wa kane, Ubwongereza na bwo nyene bwatangaje ko bugiye kwongereza cane amafaranga bushira muri iki gisata, aho bumenyesha igabanywa ry'imfashanyo mpuzamakungu kugira ngo bushobore kuronka imiriyaridi 13 z'amapawundi ku mwaka zishira muri ico gisata. Umushikiranganji wa mbere Keir Starmer agabisha ko ari ingingo "ibabaje" ariko ko umutekano w'igihugu no kwivuna abansi ari vyo biza ubwa mbere.
Arnold avuga ko ata kundi Abanyabulaya bokora atari uko nyene, cane cane kubera ko "twarungitse uburyo bwinshi muri Ukraine, ubu ibigega vyacu bikaba bigaragara".
Ubu turiko turabona "impinduka z'igihe kirekire" mu rwego rw'umutekano w'isi.
Ati: "Amerika ntikiri incuti nk'uko yari iri kera, kandi birashoboka cane rwose ko itazosubira kuba uko yari iri".
Kuri uno wa Mungu, inyuma y'ibiherutse kuba ku wa gatanu muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) abategetsi b'ibihugu vya Bulaya bakoraniye i Londres mu Bwongereza mu nama ikomeye yo kwiga ikibazo c'intambara yo muri Ukraine.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Keir Starmer, yiteze kwakira umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano, umupfasoni Giorgia Meloni, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, Perezida Emmanel Macron w'Ubufaransa, umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau.
Eka n'abarongoye Denmark, Ubuholande, Norvège, Pologne, Espagne, Finlande, Sewede, Tchequie, Roumania bitezwe muri iri koraniro, co kimwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Turukiya. Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntizirimwo.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Mark Rutte, umukuru w'umuryango w'Ubumwe bwa Bulaya Ursula Von der Leyen hamwe n'umukuru w'inama nkuru ya Bulaya Antonio Costa na bo nyene baratumiwe.
Comments
Leave a Comment