Intambara ya Ukraine: Ingene ikiyago ca Trump na Zelensky capfuye mu guterana amajambo kwamaze iminota 10

Facebook Twitter LinkedIn
Intambara ya Ukraine: Ingene ikiyago ca Trump na Zelensky capfuye mu guterana amajambo kwamaze iminota 10

Umukuru w'igihugu ca Ukraine yari yizeye ko ava muri Maison Blanche/White House ejo ku wa gatanu agiranye ibiganiro vyiza na Donald Trump, vyari kurangizwa n'ugusinyiranira amasezerano y'amabuye y'agaciro aha Amerika uruhara nyarwo muri kazoza k'igihugu ciwe, kandi igihugu ciwe kikizezwa umutekano nyawo.

Ahubwo Volodymyr Zelensky yahuye n'uburakari budasanzwe imbere y'ibinyamakuru mpuzamakungu, inyuma y'aho Perezida Trump n'icegera ciwe JD Vance bamusabiye gukenguruka cane ku myaka cumi Amerika imaze ifasha igihugu ciwe.

Perezida Zelensky yamiriye kure ivyo yari asabwe n'izi ncuti ziwe rutura vy'uko akwiye kwemera agakora uko ashoboye kugira ngo yemere guhagarika intambara na Vladimir Putin. Baciye bamwishura ngo "ntaco wubaha".

Vyahavuye birangira Zelensky asabwe kuva muri Maison Blanche (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) imbere y'igihe, imbere y'uko we na Trump baremesha ikiganiro n'abanyamakuru cari giteguwe.

Eka n'amasezerano y'amabuye y'agaciro amaze yavugwa kandi ahayagizwa n'impande zompi muri ino ndwi vyarangiye adasinywe. "Uzogaruke igihe uzoba witeguriye amahoro," niko Trump yanditse ku mbuga hwaniro hasigaye akanya gato ngo imodoka ya Zelensky ihaguruke.

Hari ibintu bihambaye bitari bike vyaranze uno mubonano wo guterana amajambo. Ng'ibi bine bikomeye muri vyo – hamwe na poritike n'ibindi vyinyegeje inyuma.

1) Umuriro hagati ya Zelensky na Vance

Inyuma y'iminota 30 bamaze bayaga bumvikana, ibintu vyatanguye kuyangara igihe Vance yavuga ngo "inzira y'amahoro n'inzira y'iterambere kumbure ni iyiciye mu biganiro".

Ati: "Ibi ni vyo Perezida Trump ariko arakora".

Zelensky yaciye amusamira hejuru, avuga ku gitero c'Uburusiya mu myaka imbere y'intambara yeruye bwatanguje mu myaka itatu iheze, harimwo n'ibiganiro vyo guhagarika intambara vyananiranye mu 2019. Avuga kuri Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya yagize ati: "Nta n'umwe yamuzibiye".

Ati: "Ni ibiganiro nyabaki uriko uravuga ga JD? Ushatse kuvuga iki?"

Aho rero niho ikiyago caciye kiba umuriro, aho Vance yishuye ati: "Ni ibi nyene bizohagarika isamburwa ry'igihugu cawe".

Niho rero JD Vance, icegera ca Donald Trump yaca yagiriza Zelensky ukutubaha no "kwunyura ibintu" imbere y'ibinyamakuru vya Amerika.

Icuka kibi na Perezida Zelensky catanguye kwunyuka bivuye ku kungene Vance yavuze ashigikira inzira ya Trump yo kurangiza intambara - mu gutanguza ibiganiro na Putin no guhimiriza ko intambara ihagarara vuga bwango.

2) 'Ntutubwire ingene tuzomererwa'

Inyuma y'aho Vance yerekeye umukuru w'igihugu ca Ukraine ingorane afise mu vya gisirikare no kwinjiza ingabo, Zelensky yishuye ati: "Mu gihe c'intambara, umuntu wese aba ari mu ngorane, mbere na mwebwe nyene. Ariko mufise ikiyaga ciza, uno musi ntayo mwumva, ariko muzoteba muyumva".

Aya majambo yarakaje Trump maze amwinjiza muri uku guterana amajambo gushika ico gihe kwari hagati ya Zelensky n'icegera c'umukuru w'igihugu, JD Vance.

Aha niho umukuru w'igihugu ca Ukraine yerekanye ko Trump yananiwe no gutahura akaga kari mu kuganira n'uwateje intambara.

Aya majambo ya Zelensky yashitse ku mutima abanegura Trump bavuga ko ariko yihenda mu biharuro vyiwe, mu kugiriranira ubucuti n'Uburusiya. Mu guhagarika itaramurwa rya Moscou no kurondera guhagarika intambara gihutihuti, ashobora gutera intege Putin no gutuma Ubulaya buja mu kangaratete Ukraine nayo igasigara iratabagurwa.

Trump akunze kwerekana ko iyo ntambara ari hagati y'impande zibiri zompi zikwiye kwemera uruhara rwazo muri yo n'ivyayiteye.

Ariko Zelensky yariko agerageza kugabisha ku ngaruka z'akaga mu kwiyumvira uko. Uku niko yabwira Trump muri Maison Blanche: Ni mubandanye mworohereza Uburusiya, muzobona intambara ibazako.

Ibi vyatumye Trump yishurana uburakari. "Ntutubwire ingene tuzomererwa. Kuko nta bubasha ufise bwo kubidutegeka", niko yavuze mw'ijwi ryatera riduga.

"Ubu nta yandi mahitamwo ufise. Uriko ukina n'ubuzima bw'amamiliyoni y'abantu".

Uku guterana amajambo gushobora gutuma Zelensky akezwa n'abipfuza kumubona imbere ya Trump; ariko iki gihe gishobora kandi kuba intango y'ibihe vy'intambara canke vy'amahoro i Bulaya.

3) 'Ntimwigeze muba mwenyene': niko Trump amwishura

Harageze igihe Zelensky avuga ati: "Kuva intambara igitangura, twamye turi twenyene kandi turabikenguruka".

Ibi vyarashavuje Trump adahengeshanya kwerekana ko iyi ntambara itwara uburyo bw'abatangakori ba Amerika.

"Ntimwigeze muba mwenyene", ni ko avuga. " Ntimwigeze muba mwenyene. Twaraguhaye - biciye kuri uno mukuru w'igihugu w'ikijuju – imiriyaridi 350 z'amadolari", niko Trump yavuze, ashaka kuvuga Biden.

Muri uwo mubonano, Vance yabajije nimba Zelensky yarashimiye Amerika, amwagiriza ko yamamarije "abatavura rumwe n'ubutegetsi" – abademokarate – mu gihe c'amatora yo muri Amerika umwaka uheze.

Yavuze ibi afatiye ku rugendo Zelensky yagize ku ruganda rw'ihinguriro ry'ibirwanisho rw'ahitwa Scranton mu ntara ya Pennsylvania – amavuko ya Joe Biden – amayinga make imbere y'uko Abanyamerika binjira mu matora yo muri Munyonyo (11) umwaka uheze.

Abarepubulikani bararakajwe n'uru rugendo, aho bagirije Zelensky ko urugendo rwiwe rwabaye urwo kwamamariza abo batavuga rumwe kw'izina rya Kamala Harris muri iyo ntara mahindagu.

Aho niho ugucanamwo muri poritike yo hagati ya Amerika kwigaragarije muri iki gihe gihambaye cane kuri kazoza k'umutekano w'isi yose.

"Ndagusavye, wewe wiyumvira ko kuvuga n'ijwi rirenga cane ku bijanye n'ino ntambara", niko Zelensky yari atanguye kuvuga Trump aca aramuciramwo.

"Nta jwi ariko araduza" niko Trump amubwira, aboneka ko yarakaye. "Igihugu cawe kiri mu ngorane nini".

"Nturiko uratsinda intambara, nturiko urayitsinda", niko Trump avuga. "Ufise amahirwe menshi yo kuyivamwo neza kubera twebwe".

4) Zelensky arabiyama – bizogira ingaruka nyabaki?

"Nimba ari uku bimeze bizogorana gukorana", niko Trump avuga. "Amasezerano ntazokworoha kuko ni ngombwa ko ibintu bihinduka".

Trump c'icegera ciwe barakariye Zelensky, basa n'abashavujwe n'inyifato yiwe.

Vance yarashitse aho amusaba ati: "Bura ushime vyonyene".

Inyishu za Zelensky – zarimwo kuraba ingene ibintu bimeze no kwereka aba bagabo babiri b'ibihangange - zatumwa n'uko yashaka kwerekana ko ari nkenerwa gufata ingingo vuba cane n'uko ibintu bikomeye.

Amaze imyaka itatu ahanganye n'umwansi yateye igihugu ciwe, ariko kandi agerageza no kugumiza mu bumwe igihugu n'uburongozi bwaco bwa politike Putin ariko agerageza gusambura.

Ariko ku rundi ruhande rw'aho kamera (camera) nyamukuru yari itumberejwe habonetse ikinti kintu. Mu gihe uku guterana amajambo kwari kugeze habi, umuserukizi wa Zelensky i Washington, Oksana Markarova, yabonetse yunamitse umutwe mu maboko.

Iyi ni ishusho yerekana mu ncamake ingene Zelensky ahagaze ku rwego mpuzamakungu n'ingene imigenderanire imeze hagati yiwe n'iyi ncuti rutura muri iki gihe ariko agerageza kwikurako Uburusiya.

Guhangara Trump nk'uko yaraye abikoze ejo ku wa gatanu, bisigura ko amaherezo bishobora kurangira atsinzwe na Putin.

admin

admin

Content creator at LTD News. Passionate about delivering high-quality news and stories.

Comments

Leave a Comment

Be the first to comment on this article!
Loading...

Loading next article...

You've read all our articles!

Error loading more articles

loader