Imigenderanire hagati ya Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari isanzwe ari mibi cane n'imbere y'uko bashamiranira muri Maison Blanche/White House ejo ku wa gatanu.
Perezida Trump yari amaze kumwita umutegetsi atatowe kandi ko ari Ukraine yatanguje intambara – iki kikaba atari co.
Muri iki gihe, urunani hagati ya Amerika na Ukraine rwatsimbatajwe na Perezida Joe Biden rusigaye ari ubunywenywe.
Uguterana amajambo kwabaye abanyagihugu n'amakungu barorera ni ikimenyetso kandi c'ingorane ziri imbere hagati ya Amerika n'ibihugu vya Bulaya biri mw'ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe.
Impungenge n'ibibazo ni vyinshi ku bijanye n'uko Amerika yoba izobandanya ishigikiye umutekano w'Ubulaya, hampande ya Ukraine.
Ikibazo nyamukuru gusumba ibindi ni ukumenya nimba Perezida Trump azobandanya inshingano uwamutanguriye, Perezida Harry Truman, yihaye mu 1949 ko igitero ico ari co cose kuri OTAN kizoba ari igitero kuri Amerika.
Izi mpungenge zifatiye ku kungene Trump asa n'uwiyemeje ashimitse kugarukana ubucuti bukomeye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.
Abandanya atera igitsure gikomeye Ukraine ariko akemerera Putin ibintu vyinshi – mu gihe ari Abanya-Ukraine bari gutegerezwa kubimwemerera.
Umutekano wa Ukraine uza inyuma y'ibindi – Abanyabulaya na bo nyene bakaba bariko baratekerwa n'ubwoba ku mutekano wabo.
Kubona Perezida Zelensky yanka kurekura ni ibintu vyarakaje Trump.
Zelensky ntiyanse gusa gusinya amasezerano ku mabuye y'agaciro yotegerejwe guha Amerika kugira ngo nayo ishobore gufasha igihugu ciwe mu vyo mutekano. Abanya-Ukraine babona ko bari mu ntambara yo gupfa no gukira – kandi ko Putin ashobora kurenga ku kintu ico ari co cose yiyemeje kijanye no guhagarika intambata ari nka hamwe atoteshwa.
Iki nico gituma Zelensky adahengeshanya gusaba ko Amerika yogira ico yiyemeje ku mutekano w'igihugu ciwe.
Uno mubonano wadutsemwo imishamirano inyuma y'ivyari bihejeje gushikirizwa n'icegera c'umukuru w'igihugu ca Amerika, JD Vance.
Hari ababona ko uku guterana amajambo ku mugaragaro ari – nk'uko bivugwa n'umuhinga mu vy'imigenderanire – umutego wa poritike wari wateguwe: kugira ngo bahatire Zelensky gukora ivyo Amerika ishaka, canke naho kwihutisha imishamirano izoshobora kubaha akaryo ko kumwagiriza ibintu vyose vyoshobora gukurikira.
Ni vyo ko mu gihe Trump yohagarika imfashanyo ya gisirikare nk'inkurikizi yo gupfa kw'ibi biganiro, Ukraine izobandanya intambara, ariko ikibazo kihari ni ukumenya urugero n'igihe yomara ihanganye n'Uburusiya yonyene.
Igitsure kizokwiyongera ku ncuti zayo zo ku mugabane wa Bulaya kugira ngo bafate ibintu mu minwe.
Comments
Leave a Comment